Uko wahagera

RFI: Nta Mpamvu Sonia Rolley Atemererwa Gukorera muri RDC


Elena Servetta, umunyamakuru wa RFI
Elena Servetta, umunyamakuru wa RFI

Iradiyo y’Abafaransa, RFI, irababazwa n'uko abategetsi ba Republika iharanira demokarasi ya Kongo banse kwongereza ikiringo c’umumenyeshamakuru wayo ari I Kinshasa, ikavuga ko ivyo ar'ukubangamira umwuga wo kumenyesha amakuru.

Mw’itangazo yasohoye kur'uyu wa kane, RFI imenyesha ko imaze amezi atatu yarasavye ko umumenyeshamakuru wayo mur’ico gihugu, Sonia Rolley, yokwongerezwa uburenganzira bwo kubandanya akorera mur’ico gihugu ariko gushik’ubu nta nyishu iratangwa.

Ivyo ni mugihe iyo radiyo yakatiwe umurongo na reta ya Kongo, ikaba itacumvikana I Kinshasa kuva mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kumwe, RFI igasaba abategetsi kubasubirizaho uyo murongo, kugira uburengenzira bwo gutangaza amakuru bwubahirizwe.

Mwomenya ko umurongo wa RFI, imwe mu maradiyo yumvirizwa cane mur’ico gihugu ndetse no mu bindi bihugu vya Afrika bikoresha ururimi rw’igifaransa wakaswe kw’italiki ya gatanu, ukwezi kwa cumi na kumwe 2016 imbere y’aho hatunganijwe imyiyerekano yiyamiriza Perezida Joseph Kabila.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG