Uko wahagera

FIFA: Kameruni na Australia Bifise Amahigwe Make


Umukinyi wa Kameruni, André-Franck Zambo Anguissa mu rukino na Australia

Inkino z’igikombe c’imirwi mpuzamigabane ku ku rwego rw’imirwi nserukiragihugu zarabandanije ku musi wa kane mu gihugu c’Uburusiya.

Mu rukino rwabaye ubwa mbere mu murwi A, Kameruni yaranganije na Australia igitsindo kimwe ku kindi. Ku uruhande rwa Kameruni igitsindo cinjijwe n’umukinyi Andre-Franck Zambo ku munuta wa 46, mu gihe igitsindo ca Australia cinjijwe kuri penalty ku munuta wa 60 n’umukinyi Mark Miligan. Nta ruhande na rumwe ivyavuye muri urwo rukino bifasha kubera ivyo bihugu bibiri vyari vyantsinzwe mu nkino za mbere zakinye.

Australia izotegerezwa gutsinda Chili ku musi w’Imana kugira igire amahirwe y’ukwunguruza, mu gihe Kameruni izotegerezwa gutsinda Ubudagi, ibintu bitazoba vyoroshe kuri iyo mirwi ibiri.

Ubudagi na Chili vyaranganije igitsindo ku kindi mu rukino rwa kabiri rwabaye mu murwi B. Umukinyi Alexis Sanchez niwe yinjije igitsindo ca Chili ku munota wa gatandatu w’urukino, mu gihe Stindl yinjije igitsindo c’Ubudagi ku munuta wa 41.

Mu nkino zizoba ku musi wa gatandatu, mu murwi A, Portugal izohura na Nouvelle Zelande mu gihe mu murwi A, Uburusiya buzokina na Mexique.

Igice ca nyuma c’igikombe mpuzamigabane kizoba kw’italiki zibiri z’ukwezi kw’indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG