Uko wahagera

Imirwano Yasubiye Kwaduka i Beni


Abasirikare ba Reta ya Kongo mu ntara ya Beni
Abasirikare ba Reta ya Kongo mu ntara ya Beni

Ugutana mu mitwe hakoreshejwe ibirwanisho bikomeye hagati y’abarwanyi n’abasirikare ba Reta ya Congo kwarasubiye kuba, kur'uyu wa kane, mu gisagara ca Beni mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Ivyo n'inyuma y’agahengwe kari kamaze imisi itatu. Ukwo gutana mu mitwe kwahitanye abantu umunani ku ruhande rw’abarwanyi hamwe n’abasivile batatu bakomeretse.

Ku bw’abanyagihugu bo mu gisagara ca Beni, urwamo rw’inkoho ntonto n’inkoho zikomakomeye rwumvikanye ruva mu gice kimwe co m'ubuseruko bwa Beni kibamwo abantu barenga ibihumbi amajana umunani, mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.

Ku bw’igipolisi, ugutana mu mitwe kwari kukibandanya, kur'uno musi wa kane, mu masaha y’inyuma yo ku mutaga mur'ico gisagara.

Umukuru w’igipolisi, Koloneli Safari Kazingufu avuga kw’abarwanyi indwi bishwe, uwugira umunani arakomereka bikomeye.

Abasirikare ba Reta ya Congo bagiriza aba Mai Mai bateye ikirindiro cabo, ahitwa Kalau mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gisagara.

Yamara uwuvugira abarwanyi, John Mangaiko avuga kw’abasirikare ba Reta aribo babasomborokeje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG