Uko wahagera

Impari Zikomeye ku Gitero ca Irani muri Siriya


Isanamu y'ibitero vya Irani muri Siriya
Isanamu y'ibitero vya Irani muri Siriya

Ibitero vya misile vyakozwe n’Igihugu ca Irani muri Siriya, ku birindiro vy’abagwanyi b’umuhari wa Reta ya Kisilamu, vyateye impari zikomeye hagati y’abagwanyi bashigikiwe na Amerika hamwe n’abasirikare ba Irani n’UBurusiya, basanzwe bashigikiye Reta ya Siriya.

Hari haheze imyaka ishika kuri mirongo itatu Irani idakora ibitero nk’ivyo. Itangazo ryasohowe n’igisirikare ca Irani rivuga ko ico gitero cakozwe mu ntumbero yo gutanga ubutumwa bwo kugabisha abiyahuzi bakorera mur’ako karere n’abari hirya y’ako karere. Yamara ibinyamakuru bikorera muri Irani vyatangaje ko nyabuna ubwo butumwa bwari ubw’ibihugu bidacana uwaka na Irani, arivyo Israyeli, Arabiya Sawudite na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amerika imenyesha ko abagwanyi ifasha batari mu gikorwa co kugwanya Reta ya Siriya, canke ya Iraki, yamara ko batazoreka kwivuna mu gihe batewe, canke mu gihe hatewe abo bicuditse hamwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG