Uko wahagera

Umurundi mu Minwe y’u Rwanda Nyuma y’Igitero muri Rusizi.


Icuka si ciza ku rubibe intara ya Cibitoke ku ruhande rw’Uburundi ihana n’akarere ka Rusizi mu ntara yo mu burengero bw’u Rwanda kuva mu gitondo c’uno wa gatatu.

Intandaro y’ico cuka n’inyuruzwa ry’umunyagihugu wo ku mutumba Camakombe azwi kw’izina rya Patrick Ndayikengurukiye, inyuruzwa ryemezwa n’umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano w’Uburundi Pierre Nkurikiye ko ryakozwe n’abasirikare b’u Rwanda.

Abanyagihugu b’i Camakombe muri komine Rugombo ahasanzwe haba uwo murovyi bavuga ko ari mu miwe y’abasirikare b’U Rwanda bibaza ko ivyabaye vyaturutse ku masasu yumvikanye mw’ijoro ry’uno wa kabiri i Bugarama mu karere ka Rusizi ko mu ntara y’uburengero bw’u Rwanda.

Umwe muri batanu batowe ku mutumba Camakombe Ijwi ry’Amerika ryamusanze ku rubibe rw’Uburundi n’U Rwanda yaje kuraba ivyabaye. Umupfasoni NDAYISHIMIYE Conciliya avuga ko yasanze hakurya y’urubibe hari hahinduye isura, anemeza ko umunyagihugu ari mu bo arongoye yatwawe n’abasirikare b’igihugu kibanyi.

Ingaruka mbi ziza zamaze kwibonekeza ku rubibe rw’intara ya Cibitoke n’intara yo mu burengerazuba bw’u Rwanda. Abanyagihugu b’i Camakombe babwiye Ijwi ry’Amerika ko abasirikare b’U Rwanda bababujije gusubira kuja kovoma amazi mu ruzi Ruhwa kandi ari rwo bari basanzwe bavomamwo.

Abanyagihugu bo ku rubibe rw’Uburundi n’U Rwanda basaba ko abategetsi b’ivyo bihugu bibiri bokumvikana kugira icuka kibi kibandanya kwibonekeza kirangire imigenderanire y’ivyo bihugu isubire kuba myiza. Nayo ku bijanye n’uwo murundi ari mu minwe y’abasirikare b’U Rwanda, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano yavugiye ku rubuga ngurukana bumenyi ko inzego zibijejwe ziriko zirabikora kugira uwo yatwawe ari muzima agaruke ari muzima.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Cibitoke Evariste NZIKOBANYANKA ni we yakurikirnaye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:16 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG