Uko wahagera

Umuyobozi w'Idini m'Umuhari wa Kisilamu Yaraguye mu Gitero


Abamenyeshamakuru ba Reuters, hamwe n'abasirikare ba Reta mu karere karimwo intambara yo gutuza abagwanyi ba Reta ya Kisilamu, i Mosul, muri Iraki.
Abamenyeshamakuru ba Reuters, hamwe n'abasirikare ba Reta mu karere karimwo intambara yo gutuza abagwanyi ba Reta ya Kisilamu, i Mosul, muri Iraki.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje ko umwe mu bategetsi b’Umuhari wa Reta ya Kisilamu, yaguye mu gitero c’indege cabaye mu mpera z’ukwezi guheze kwa gatanu.

Turki al-Binali, yar’umurongozi w’idini mur’uwo muhari. Yishwe kw’itariki ya mirongo itatu na rimwe z’ukwezi kwa gatanu, mu gitero cabereye mu gisagara ca Mayadin, muri Siriya nk’uko vyatangajwe na Capitaine Jeff Davis, umuvugizi m’Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika. Al-Binali, yarajejwe kwinjiza abagwanyi bashasha baja gukora ibitero mu bihugu bitandukanye, akongera akaba umwizigirwa w’umukuru w’Umuhari wa Reta ya Kisilamu, Abu Bakr al-Baghdadi.

Imbere y’uko urupfu rwa Al-Binali rwemezwa kur’uyu wa kabiri, ivyegeranyo vyari vyasohotse vyavuga ko yoba yari yaguye mu gitero c’indege cabereye mu gisagara ca Deir-Ez Zur, muri Siriya, yamara abandi bakavuga ko ashobora kuba yapfiriye k’umugwa mukuru w’Umuhari wa Reta ya Kisilamu, i Raqqa.

Abategetsi bavuga kandi ko har’abarongozi benshi b’uwo muhari bahungiye mur’ico gisagara ca Mayadin, mu gihe bariko baratuzwa mu bisagara vya Raqqa na Mosul muri Iraki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG