Uko wahagera

Ububirigi: Igipolisi Catesheje Uwagomba Akore Igitero


Ahaturikiye igisasu m'Ububirigi.

Abategetsi mu gihugu c’Ububirigi batangaje ko batesheje igitero c’umwiyahuzi yagomba gukora kur’uyu wa kabiri. Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi w’umucamanza w’Igihugu, Eric Van der Sypt, aho yavuze kandi ko abasirikare bafashe uwikekwa kuba yarahejeje gutega igisasu cari gihejeje guturika.

Van der Sypt yatangaje ko uwo mugabo yaciye araswa. Nta wundi gushik’ubu bivugwa ko yoba yakomerekeye mur’ico gitero, cabaye mu masaha ya satatu z’ijoro, mu masaha yo m’Ububirigi.

Igisagara c’Uburuseri kimaze amezi cumi n'umunani kigavye, inyuma y’igitero cari cakozwe n’Umuhari wa Reta ya Kisilamu, m’ukwezi kw’icumi na rimwe, m’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatanu, gihitana abantu bashika kw’ijana na mirongo itatu.

M’ukwezi kwa gatatu kw’umwaka uheze, naho nyene hari habaye ibitero ku kibuga c’indege, no mu kibanza c’amaturo y’imiduga yunguruza abantu, abashika kuri mirongo itatu na babiri bakaba barahasize ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG