Otto Warmbier, umunyeshure w’umunyamerika yari yapfungiwe mu gihugu ca Koreya ya Ruguru, mu kiringo c’umwaka n’igice, yitavye Imana kur’uyu wa mbere. Ivyo vyatangajwe n’umuryango wiwe.
Uwo musore w’imyaka mirongo ibiri n'ibiri, yari yatahukanywe, mu ndwi iheze, muri Reta ya Ohio, aho yaturuka, akaba yar’akitswe n’amagara, nk’uko vyatangajwe n’abaganga. Abaganga bavuga ko Warmbier yononerewe ubwonko, yamara ko batamenye ico boba baramukoreye.
Igihugu ca Koreya ya Ruguru catangaje ko Warmbier yatakaje ubwenge inyuma gato y’aho aciriwe urubanza, m’ukwezi kwa gatatu kw’umwaka uheze. Yagirijwe kwiba igicapo ca politike, mw’ihoteri. Reta ya Koreya ya Ruguru ivuga ko yatakaje ubwenge bivuye ko yafashwe n’indwara ya botulisme, ifatira m’ubumuga bukaze. Yamara ivyo umuryango wiwe urabihakana, ukavuga ko Otto Warmbier yahohoterewe ubuzima.
Abategetsi ba Amerika batangaje ko batewe amakenga n’abandi banyamerika batatu bagizwe imbohe muri Koreya ya Ruguru. Bagiriza kandi ico gihugu ko gikoresha ivyo cishakiye abo cafashe. Ni mu gihe Koreya ya Ruguru yagiriza Reta ya Amerika n’iya Koreya y’Epfo ko birungika abasumyi b’urusaku, kugira baje gutembagaza Reta ya Koreya ya Ruguru.
Facebook Forum