Uko wahagera

Inteko za Mali Zishe Abarwanyi Bane


Inteko zijejwe umutekano z’igihugu ca Mali zishe abarwanyi bane bagize uruhara mu gitero kw’ihoteri iri hanze y’umurwa mukuru, Bamako. Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe umutekano, Salif Traore, uno musi ku wa mbere.

Abantu babiri bishwe igihe abantu bitwaje ibirwanisho binjira mw’ihoteri, Le Campement Kangaba mu gisagara ca Dougourakoro, ku musi w’Imana. Ico kibanza kigenderwa cane n’abanyabulaya. Inteko zijejwe umutekano zatabaye abantu barenga 36, harimwo abafaransa 13.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron yaravuganye na perezida wa Mali inyuma y’igitero kw’ihoteri, Le Campement Kangaba. Yemeye kw’Ubufransa bushigikiye bwivuye inyua Mali.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bwari bwagabishije haraheze indwi ko hashobora akuba ibitero ku nyubakwa z’abaserukira ibihugu vyo mu burengero bw’isi n’ibindi bibanza ku murwa mukuru wa Mali, Bamako bigenderwa n’abanyamahanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG