Uko wahagera

Ubwongereza: Imodoka Yagonze Abatambuka n'Amaguru


Igipolisi mu gihugu c’Ubwongereza catangaje ko imodoka yo m’ubwoko bwa kamyoneti yagonze abantu bariko batambuka n’amaguru, hafi y’umusigiti, m’uburaruko bw’igisagara ca Londres, ikomeretsa abatari bake, mu gitondo co kur’uyu wa mbere.

Umuntu umwe niwe amaze gufatwa n’abajejwe umutekano. Nta vyinshi igipolisi catangaje ku bijanye n’iyo mpanuka, ariko kivuga ko atar’impanuka isanzwe.

Ako karere kari gasanzwemwo aba isilamu benshi bari bazindutse gusenga. Inama nkuru y’aba isilamu mu gihugu c’Ubwongereza yatangaje ko yifatikanije mu gisabisho n’abakomerekeye mur’iyo mpanuka.

Igihugu c’Ubwongereza kimaze iminsi kirimwo impanuka mwen’izo, harimwo n’igitero cabaye m’ukwezi guheze mu gisagara ca Manchester, hamwe n’ibitero vyakozwe hakoreshejwe gucumita imbugita abantu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG