Uko wahagera

Portugal: Umuriro Umaze Guhitana Abashika kuri 61


Abajejwe gutabara impanuka muri Portugal, hagati mu gihugu, hafi y'igisagara ca Bouca, ahadutse m'umuriro.
Abajejwe gutabara impanuka muri Portugal, hagati mu gihugu, hafi y'igisagara ca Bouca, ahadutse m'umuriro.

Mu gihugu ca Portugal hadutse umuriro mw’ishamba riri mu karere ka Pedrogao Grande, watewe n’imituragaro, uhitana abantu mirongo itandatu na rimwe, n’abandi mirongo itanu n'icenda bakomeretse.

Umushikiranganji wa mbere wa Portugal, Antonio Costa yatangaje ko igihugu cinjiye mu kigandaro c’iminsi itatu, kuva kur’uyu w’Imana.

Costa amenyesha ko igitigiri c’abahitanywe n’uwo muriro gishobora kwiyongera mu gihe igipolisi kikibandanya kurondera abari hirya no hino mu mazu yabo.

Abategetsi ba Portugal batangaje kandi ko abajejwe gutabara impanuka bari mu gikorwa co guhagarika uwo muriro, gushik’ubu umaze gufata akarere k’ibirometero ijana na mirongo itanu, m’uburaruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Lisbonne.

Ibihugu vya Espagne n’Ubufaransa vyatangaje ko vyarungitse indege zo gutabara, co kimwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya rivuga ko ririko ririyunganya kugira rifashe gutabara vyihuta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG