Uko wahagera

Espagne: Abanyagihugu Basaba Reta Guha Indaro Impunzi


Imyiyerekano y'abanyagihugu ba Espagne. Basaba Reta ko ibandanya ico yiyemeje mu bijanye no kwakira impunzi.
Imyiyerekano y'abanyagihugu ba Espagne. Basaba Reta ko ibandanya ico yiyemeje mu bijanye no kwakira impunzi.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bakoze imyiyerekano mu gisagara ca Madrid, muri Espagne, kur’uyu wa gatandatu, mu ntumbero yo gusaba Reta ko yobandanya umugambi yiyemeje wo kwakira impunzi. Ni mu gihe Igihugu ca Espagne ciyemeje kwakira impunzi zituruka mu bihugu vyugarijwe n’intambara, nka Siriya, Iraki na Libiya.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Amnesty International, ryatangaje ko Igisagara ca Madrid kimaza kwakira abantu bashika ku majana atatu na bane, n’ukuvuga igitigiri kiri munsi ya cumi kw’ijana y’abo categerezwa kwakira. Ivyo kandi ngo vyibonekeza mu bihugu nka vyose vya Buraya, hisunzwe ivyo biyemeje mu bihumbi bibiri na cumi na gatanu, ku bijanye no kwakira impunzi.

Iyo myiyerekano yabereye mu gihugu ca Espagne, yatunganijwe n’amashirahamwe ategamiye Reta, harimwo na Amnesty International, ikaba yatumweko imbere y’iminsi mike isigaye kugira hahimbazwe umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi, utegekanijwe kuba k’umunsi wa kabiri.

Ishirahamwe rya Buraya ryariyemeje mu bihumbi bibiri na cumi na gatanu, ko bitarenze ukwezi kw’icenda uyu mwaka, rizoba ryahaye indaro impunzi zishika ku bihumbi ijana na mirongo itandatu. Gushika mu ntango z’uku kwezi kwa gatandatu, abashika ku bihumbi mirongo ibiri na kimwe akaba aribo bonyene bamaze guhabwa indaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG