Uko wahagera

Abanyepalestina Batatu Bakoze Ibitero muri Israyeli


Abagabo batatu b’abanyepalestina bakoze ibitero, kur’uyu wa gatanu, hafi ya Yeruzaremu, bica umupolosi w’umunyisrayeli, imbere y’uko bicwa n’abajejwe umutekano.

Abategetsi batangaje ko mur’uyo mwanya habaye kandi ibindi bitero bibiri, hafi y’igisagara ca Damasiko, mu kibanza gisanzwe gicamwo abanyepalestina bavuye gusenga. Ubwo bwicanyi bubaye mu gihe abayoboke b’idini rya kisilamu, bari mu ndwi yabo ya gatatu y’amafungo y’i Ramazani.

Ikigo kijejwe umutekano muri Israyeli catangaje ko abanyepalestina batatu, bafise imyaka ya cumi n'umunani na cumi na cumi n'icenda aribo bahasize ubuzima. Abo basore bompi baturuka mu gisagara kimwe ca Ramallah, muri Cisjordanie, bakaba bari bamaze gupfungwa muri kahise bivuye ku bikorwa vy’iterabwoba.

Israyeli yagirije abategetsi ba Palestina ko bakokeza intambara. Yamara abo bategetsi ba Palestina barabihakana, bakavuga ko ivyo bitero bikorwa n’abanyepalestina bafise ishavu ry’ibibanza vyigaruriwe na Israyeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG