Abakozi babiri bakorera komite mpuzamakungu ya croix-rouge (CICR) bari banyurujwe muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bararekuwe kur’uyu wa kane, nkuko bitangazwa na CICR.
Abo bakozi bari banyurujwe mu gatondo ko k'umusi wa gatatu w’indwi iheze, italiki 7 z’ukwezi kwa gatandatu, aho bari hagati y’agace ka Kirumba na Beni, mu karere ka Lubero, mu ntara ya Kivu y’uburaruko.
Ubwenegihugu bwabo ntibwavuzwe. Abo bakozi bari m’umurwi w’abandi bakozi ba CICR bariko batanga imfashanyo ku miryango 5000 yasinzikajwe n’intambara zibera mur’ako karere.
CICR imenyesha ko yaciye iba irahagaritse ibikorwa mur’iyo ntara ya Kivu y’uburaruko gushika babonye ko umutekano wabo utazosubira guhungabanwa.
Facebook Forum