Uko wahagera

Cote d'Ivoire: Ikiziga ca Cheick Tiote Catahukanywe


Check Tiote yambaye impuzu nz'umuhondo
Check Tiote yambaye impuzu nz'umuhondo

Ikiziga c’umukinyi w’umupira w’amaguru aturuka mu gihugu ca Cote d’Ivoire, Cheick Tiote catahukanywe mu gihugu ciwe. Cheick Tiote yitavye Imana ahitanywe n’indwara y’umutima kw’italiki zitanu z’ukwezi kwa gatandatu, ariko arimenyereza hmwe n’abandi bakinana mu murwi w’umupira w’amaguru, Beijing Enterprises wo ku rwego rwa divisiyo ya kabiri mu gihugu c’Ubushinwa.

Ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Abidjan, abantu bashika ku gihumbi bari barindiye ikiziga ciwe.

Cheick Tiote yari mu murwi nserukiragihugu wa Cote d’Ivoire wahiganywe mu gikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2010 n’umwaka w’i 2014. Yari kandi mu murwi nserukiragihugu watsinze igikombe c’ibihugu vyo muri Afrika mu mwaka w’i 2015.

Cheick Tiote, umukinyi wo hagati mu kibuga, yakiniye umurwi w’umupira w’amaguru Newcastle wo mu Bwongereza mu kiringo c’imyaka indwi, imbere yuko aja gukina amu gihugu c’Ubushinwa mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka.

Azoshingurwa ku musi w’Imana mu kaburi ka Williamsville, akaburi kanini cane kurusha ubundi buburi mu gisagara ca Abidjan.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG