Uko wahagera

ONU Ivuga ko Ityozwa ry'Agateka Rikomeje mu Burundi


Mw’itangazo komisiyo ya ONU ijejwe itohoza ku Burundi imaze igihe ikora, itangaza kw’ityozwa rikomeye ry’agateka ka muntu ribandanya mu gihugu.

Abagize komisiyo ijejwe itohoza ku Burundi, batangaza ko mu matohoza yabo babonye kw’abantu batekewe n’ubwoba bukomeye. Ivyo babitangaje igihe bacira ku mayange ishami rya ONU rijejwe agateka ka muntu ibijanye n’itohoza ryabo.

Bemeje impungenge bari bafise mu ntango ku bijanye n’ityozwa rikomeye ry’agateka ka muntu n’ayandi mabi yakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2015.

Komisiyo y’ishirahamwe ONU ijejwe itohoza ku Burundi yasubiye kwerekana kw’ibabajwe nuko itashoboye kwemererwa kuja mu bice bitandukanye vy’igihugu hamwe n’uko abategetsi ba Reta banse gukorana nayo.

Yamara abagize iyo komisiyo barashoboye kuvugana n’Abarundi batari bake bari mu buhingiro. Baragendeye ibihugu vya Tanzaniya, u Rwanda, Uganda, Republika iharanira demokarasi ya Kongo na Kenya.

Kuva mu ntango y’amatohoza, iyo komisiyo yarashoboye gutororokanya amakuru atari make yerekeye ityozwa ry’agateka ka muntu rivurwa ko ryakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2015.

Iryo tyozwa ry’agateka ka muntu ririmwo ubwicanyi ndengerabutungane, gufata abantu bunyamaswa, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu n’ayandi mabi afatiye ku gitsina. Harimwo kandi gufata abantu n’ukubapfunga mu buryo budaciye mu mategeko, gutuma abantu irengero ryabo ritamenyekana kenshi aho imiryango yabo isabwa gutanga ingwati.

Komisiyo ya ONU ijejwe itohoza ku Burundi ivuga ko menshi mur’ayo mabi akorwa n’abari mu nzego zijejwe iperereza n’igipolisi, rimwe na rimwe bafashijwe n’urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi ruzwi kw’izina ry’Imbonerakure.

Abagize komisiyo ya ONU ijejwe itohoza ku Burundi bavugako baguye mu gahundwe bifatiye kuvyo babwiwe n’abo babajije ku bijanye n’ubunyamaswa bukoreshwa ku vyerekeye ityozwa ry’agateka ka muntu.

Iyo komisiyo izoshikiriza raporo ya nyuma inama igira iya mirongo itatu n’indwi y’ishami rya ONU rijejwe agateka ka muntu, mu kwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2017.

Mu kurindira ico gihe iyo komisiyo izobandanya amatohoza yayo n'ukwihezwa nimba amwe mu mabi yakozwe ashobora kobonwa kw’ar’ivyaha bishobora gukwirikiranwa n’amakungu.

Yamar’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu w'Uburundi Martin Nivyabandi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu, yavuze kw’ivyegeranyo bikorwa ku gihugu ke ar’urukurikirane rumwe. Yasiguye kw’ivyo vyegeranyo bihengamye bitewe n’imvo za politike.

Abona k’ivyo vyegeranyo bifise intumbero yo gushengeza abategetsi bakuru bakuru b’Uburundi muri za sentare mpuzamakungu ata n’amatohoza abaye.

Umushikiranganji Nivyabandi ntahakana kw’agateka ka zina muntu gahungabanywa, ariko ahamagarira abantu kuvug’ukuri mu matohoza bakora.

Mw’itangazo rya komisiyo ijejwe itohoza aku Burundi, iryo shirahamnwe ritangaza kw’ityozwa rikomeye ry’agateka ka muntu ribandanya mu Burundi.

Abagize komisiyo ijejwe itohoza ku Burundi, batangaza ko mu matohoza yabo babonye kw’abantu batekewe n’ubwoba bukomeye. Ivyo babitangaje igihe bacira ku mayange ishami rya ONU rijejwe agateka ka muntu ibijanye n’itohoza ryabo.

Bemeje impungenge bari bafise mu ntango ku bijanye n’ityozwa rikomeye ry’agateka ka muntu n’ayandi mabi yakozwe mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane mu mwaka w’i 2015.

Komisiyo y’ishirahamwe ONU ijejwe itohoza ku Burundi yasubiye kwerekana kw’ibabajwe nuko itashoboye kwemererwa kuja mu bice bitandukanye vy’igihugu hamwe n’uko abategetsi ba Reta y’Uburundi banse gukorana nayo.

Yamara abagize iyo komisiyo barashoboye kuvugana n’Abarundi batari bake bari mu buhingiro. Baragendeye ibihugu vya Tanzaniya, Urwanda, Uganda, Republika iharanira demokarasi ya Congo na Kenya.

Kuva mu ntango y’amatohoza y’iyo komisiyo, yarashoboye gutororokanya amakuru atari make yerekeye ityozwa ry’agateka ka muntu rivurwa ko ryakozwe mu Burundi kuva mu kweziz kwa kane mu mwaka w’i 2015.

Iryo tyozwa ry’agateka ka muntu ririmwo aubwicanyi ndengerabutungane, gufata abantu bunyamaswa, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu n’ayandi mabi afatiye ku gitsina, gufata abantu n’ukubapfunga mu buryo budaciye mu mategeko, gutuma abantu irengero ryabo ritamenyekana kenshi aho imiryango yabo isabwa gutanga ingwati.

Komisiyo ya ONU ijejwe itohoza ku Burundi ivuga ko menshi mur’ayo mabi akorwa n’abari mu nzego zijejwe iperereza n’igipolisi, rimwe na riumwe bafashijwe n’urwaruka rwo mu mugamzbwe uri ku butegetsi mu Burundi ruzwi kw’izina ry’Imbonerakure.

Abagize komisiyo ya ONU ijejwe itohoza ku Burundi bavugako baguye mu gahundwe bifatiye kuvyo babwiwe n’abo babajije ku bijanye n’ubunyamaswa bukoreshwa ku vyerekeye ityozwa ry’agateka ka muntu.

Komisiyo ya ONU ijejwe agateka ka muntu izoshikiriza raporo ya nyuma inama igira iya mirongo itatu n’indwi y’ishami rya ONU rijejwe agateka ka muntu, mu kwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2017.

Mu kurindira ico gihe iyo komisiyo izobandanya amatohoza yayo n’zukwihezwa nimba amwe mu mabi yakozwe ashobora kobonwa kw’ar’ivyaha bishobora gukwirikiranwa n’amakungu.

Yamar’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin Nivyabandi, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku musi wa gatatu, yavuze kw’ivyegeranyo bikorwa ku Burundi ar’urukurikirane rumwe. Yasiguye kw’ivyo vyegeranyo bihengamye bitewe n’imvo za politike.

Abona k’ivyo vyegeranyo bifise intumbero yo gushengeza abategetsi bakuru bakuru b’Uburundi muri za sentare mpuzamakungu ata n’amatohoza abaye.

Umushikiranganji Nivyabandi ntahakana kw’agateka ka zina muntu gahungabanywa ariko ahamagarira abantu kuvug’ukuri mu matohoza bakora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG