Igipolisi c’u Burundi mu ntara ya Kirundo kiragiriza ic’u Rwanda kubandanya kutorohereza Abarundi bipfuza guhunguka. Uwurongoye igipolisi abivuga afatiye ku barundi bankiwe kwinjira mu Burundi bahungutse kuri uwu wa gatatu.
Abo barundi bahavuye bemererwa gutaha i wabo kuri uwu wa Kane. Bashitse ku mupaka w’u Burundi, babwiye Ijwi ry’Amerika ko bari bahagaritswe kubera batari bafise ivya ngombwa vy’impunzi.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Jean Bosco Ndarurinze ni we wakurikiranye iyi nkuru:
Facebook Forum