Uko wahagera

Abantu 29 Bahitanywe n'Igitero cya al-Shabab i Mogadicio


Abategetsi muri Somaliya batangaza kw’abantu mirongo ibiri n’icenda bishwe mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa kane mu gitero cagizwe n’abarwanyi b’umurwi al-Shabab mu buriro bubiri bugenderwa cane ku murwa mukuru, Mogadisho.

Umuvugizi w’inteko zijejwe umutekano za Somaliya yatangaje, uno musi ku wa kane, ko mu bapfuye harimwo abasivile 18, indwi muribo abapfasoni, n’abagize igitero bose ukw’ari batandatu.

Imbere yaho, amakuru yatanzwe n’abajejwe umutekano yari yatangaje kw’abasirikare batanua bari mu nteko zidasanzwe nabo nyene bapfuye igihe grenade yari itewe n’abarwanyi ba al-Shabab yaturika.

Inteko zidasanzwe za Somalioya zagize igikorwa ca gisirikare gikomeye imbere y’isaha cumi na zibiri zo mu gatondo mu masaha yo ku murwa mukuru, Mogadisho. Zivurwa ko zashoboye gutuza abarwanyi ba al-Shabab.

Igitero ku buriro bubiri ku murwa mukuru, Mogadisho catanguye ku muhingamwo wo ku musi wa gatatu, igihe bombe yari yatezwe mu modoka yaturikira hanze y’ubwo buriro, yonona ibitari bike

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG