Uko wahagera

CPI Isaba Ifatwa ry'Umuhungu wa Kadhafi


Saif al-Islam, umuhungu wa Muammar Kadafi yahoze arongoye Libiya.
Saif al-Islam, umuhungu wa Muammar Kadafi yahoze arongoye Libiya.

Umukuru arongoye sentare mpuzamakungu mpanavyaha kur’uyu wa gatatu yasavye ko Saif al-Islam Kadhafi, umuhungu wa Moammar Kadhafi yahoze arongoye Libiya afatwa akarungikwa mur’iyo sentare kuburanishwa ku vyaha yagirizwa vyo mu ntambara no kwica abahoze batavuga rumwe na se.

Mwomenya ko kur’uyu w’Imana, umushingwamanza wa Saif al-Islam yavuze ko uwo aburanira yafunguwe mw’ibohero yarimwo kuva m’umwaka wa 2011 inyuma y’imibonano bagiranye n’inama nshingamateka.

Fatou Bensouda arongoye CPI yashikirije ko ibiro vyiwe bikiriko birihweza ivy’irekurwa ryiwe. Gushik’ubu atawuzi aho Saif ari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG