Uko wahagera

USA: Umushingamateka Steve Scalise Yarakomeretse Bikomeye


Abakora amatohoza, aharasiwe umushingamateka Steve Scalise mu gisagara ca Alexandria, Virginia

Mu gisagara ca Alexandria muri reta ya Virginiya, hakurya gato ya Washington DC, umunyamerika yitwaje inkoho yaracucagiye amasasu mu bashingamateka bashika 20 bo m’umugambwe w’abarepublikani bariko barimenyereza mu mukino wa Baseball.

Ayo masasu yakomerekeje umushingamateka Steve Scalise n’abandi bantu bane bari kumwe mur’iyo myimenyerezo, uwo yabarashe, umugabo w’imyaka 66 yaciye araswa n’abapolisi b’urwego rw’inama nshingamateka bar’aho.

Amakuru ava mu bitaro vy’i Washington DC aho ariko aravurirwa avuga ko uwo mushingamateka Steve Scalise yatowe muri reta ya Louisiana amerewe nabi cane inyuma y’aho aciye abagirwa.

Umushingamateka Steve Scalise w'umurepublikani Yarashwe
Umushingamateka Steve Scalise w'umurepublikani Yarashwe

Hambavu y’uwo mushingamateka, umupolisi umwe, n’abandi bakozi babiri bo mu nama nshingamateka barakomeretse.

Abategetsi bavuga ko bataramenya icatumye uwo mugabo akora ivyo. Nayo ibiro vya FBI bijejwe gukurikirana ivyaha bivuga ko zimwe mu nyandiko bamaze gusanga uwo mugabo James Hodgkinson yarashize kuri Facebook zigaragaza urwanko n’inzigo y’akazikira yar’afitiye Perezida Donald Trump.

Kandi amatohoza amaze kugaragaza ko yari mu bakora bitanga mu myiyamamazo y’umukuru w’igihugu ahitiye k’uruhande rwa Bernie Sanders yahiganwa na Hillary Clinton mu matora y’ibanze m’umugambwe w’aba demokrate.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG