Uko wahagera

Ubufaransa n'Ubwongereza m'Ukurwaniriza hamwe Iterabwoba


Emmanuel Macron w'Ubufaransa na Theresa May, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza.
Emmanuel Macron w'Ubufaransa na Theresa May, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Emmanuel Macron bariko barashira inguvu hamwe m’ukurwanya amashirahamwe atumatumanako amakuru yorohereza iterabwoba riciye ku mihora ya internet.

Ni mugihe ivyo bihugu uko ari bibiri bitarakira inkovy z'ibikomere vyatewe n’ibitero vy’iterabwoba vyahitanye abatari bake mu bisagara vya Londres, Manchester, Paris na Nice.

May Amenyesha ko amashirahamwe akomeye akora itumatumanako biciye k’umuhora wa internet yadohotse kuvyo yiyemeje vyo gukinga iterabwoba. Macron nawe atera akamo ibindi bihugu vyo mur’uyo muryango, cane cane Ubudagi kubahamvya mur’urwo rugamba.

Mwomenya ko May kur’uyu wa kabiri yari m’urugendo I Paris kuvugana na mugenzi we ingingo bofata zo kurwaniriza hamwe iterabwoba ndetse baranavuganye ku vyerekeye ingingo Ubwongereza bwafashe yo kuvavanura n’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG