Uko wahagera

Abarepublika Basaba Umuco ku Birego Biri kuri Prezida Trump


Abashingamateka b’abarepublikani, hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika basaba Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ko vyoshira ahabona amajwi yafashwe, y’ibiganiro vyabaye hagati ya Perezida Donald Trump na James Comey, mu gihe ayo majwi yoba ariho.

Abo bashingamateka bavuga ko vyoheza impari ziriho ku bijanye n’uko Perezida Trump yoba yarasavye Comey ko ahagarika amatohoza yariko arakora k’umuhanuzi mukuru muvy’umutekano, Michael Flynn.

Ni mu gihe Comey yatangaje, ariko arabazwa n’inama nkenguzamateka, ko Perezida Trump asa n’uwamusavye guhagarika ayo matohoza. Comey yatangaje kandi ko Perezida Trump yamusavye kumuyoboka, ivyo Comey avuga ko yahakanye, co kimwe no gukura igipfungu ku matohoza y’Uburusiya.

Susan Collins, Umukenguzamateka w’umurepublikani, aserukira Reta ya Maine, akaba yari no mubumvirije James Comey, yaratangaje k’umunsi w’Imana, ko adatahura igituma umukuru w’igihugu adashobora kudadanura ico kibazo kugira kive mu nzira.

Kur’uyu wa mbere ibiro vya Perezida Trump vyahakanye kwemeza canke guhakana ko hoba hariho amajwi yafashwe y’ivyo biganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG