Uko wahagera

Sentare yo ku Rwego rw'Igihugu Yazibiye Itegeko rya Perezida Trump


Prezida wa Amerika,Donald Trump
Prezida wa Amerika,Donald Trump

Sentare igira kabiri yo ku rwego rw’igihugu muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yashigikiye ingingo izibira itegeko rya Perezida Donald Trump riziririza abantu baturuka mu bihugu bitandatu bigizwe ahanini n’abayislamu kwinjira ku butaka abwa Amerika.

Sentare yungururizwamwo imanza yo ku rwego rw’igihugu yo mu gisagara ca San Francisco muri Reta ya California yafashe ingingo ku musi wa mbere y’ukuzibira itegeko rya Perezida Trump riziririza abantu bava mu bihugu bitandatu bigizwe ahanini n’abatyislamu kwinjira ku butaka bwa Amerika. Iyo sentare yatangaje ko Perezida Trump yarenze ku bubasha bwiwe igihe yasohora iryo tegeko kw’italiki zibiri z’ukwezi kwa gatatu.

Perezida Trump yatanze insiguro kw’ashaka gukingira igihugu mu gutuma abagira iterabwoba b’abanyamahanga batinjira mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG