Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasavye, abanya Centrafrika, kwikubita agashi bagashira imbere inyungu z’igihugu cabo.
Ivyo mu ntumbero y’ugutorera inyishu ibibazo vya politike vy’igihugu cabo.
Ishirahamwe ONU ryongeye risaba abatanga imfashanyo bo mu mahanga gushira mu bikorwa imfashanyo bemeye.
Intumwa idasanzwe iserukira ONU Parfait Onanga-Anyanga, mw’ijambo yashikirije mu rwego rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi, yavuze kw’afise impungenge zikomeye ku kugene ibintu vyifashe ku banyagihugu muri Centrafrika.
Amenyesha kw’ibintu bishobora kuyanzara kurushiriza hamwe abategetsi b’ico gihugu, batokworohereza ugutahuka kw’impunzi n’abantu bavuye mu zabo.
Yamenyesheje kw’ibiranga ica kabiri c’abanya Centrafrilka, n’ukuvuga imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana abiri bakeneye imfashanyo.
Asaba abatanga imfashanyo b’abanyamahanga bakorana na Centrafrika kwubahiriza imfashanyo bemereye ico gihugu. Ivyo kugira bikomeze amaharo mu gihugu.
Muri raporo yiwe ya nyuma ku kugene ibintu vyifashe muri Centrafrika, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yatangaje kw’atewe impungenge bikomeye n’umutekano muke urangwa mu gihugu cose.
Facebook Forum