Uko wahagera

RDC: Abagirizwa Kugandagura Abahinga ba ONU Muri Sentare


Abahinga babiri b’ishirahamwe ONU bagandaguwe muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo
Abahinga babiri b’ishirahamwe ONU bagandaguwe muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo

Abantu babiri, bagirizwa ko bagandaguye abahinga babiri b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kwezi kwa gatatu muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, bitavye sentare ya gisirikare ya Kananga, ku murwa mukuru w’intara ya Kasai yo hagati.

N’ubwa kabiri abo bantu babiri baseruka mur’iyo sentare.

Ku musi wa mbere w’indwi iheze, igihe urubanza rwabo rwatangura, abababuranira bavuga kw’ata bubasha sentare ya gisirikare yo mu ntara ya Kasai yo hagati ifise bw’ukubacira urubanza. Batangaza kandi kw’ugupfungwa kwabo guciye kubiri n’amategeko.

Abashikirizamanza basavye, kw’urubanza rw’abo bantu bagirizwa kuba bagandaguye abahinga babiri b’ishirahamwe ONU rubandanya rukaja mu mizi.

Sentare yemeye gushikikiriza ingingo yayo ku vyerekeye urwo rubanza ku musi wa gatatu.

Abantu babiri bagirizwa mu rubanza, Evariste Ilunga na Mbayi Kabasele bagirizwa ivyaha vy’ukugandagura abantu, vy’ukubaca ibihumba vy’umubiri, iterabwoba n’ukugira uruhara mu muhari w’abagumutsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG