Uko wahagera

Ishyaka Rya Perezida Macron mu Bufaransa Ryitwaye Neza


Perezida Emmanuel Macron ubwo yiyamamarizaga umwanya w'umukuru w'igihugu
Perezida Emmanuel Macron ubwo yiyamamarizaga umwanya w'umukuru w'igihugu

Mu Bufaransa, bitegekanijwe kw’umugambwe wa perezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, La Republique en Marche utsinda amatora y’abashingamateka n’amajwi menshi.

Ivyo ni mu gihe ivyavuye mu ncuro ya mbere y’amatora yabaye ku musi w’Imana vyerekana kw’umugambwe wa Perezida Macron watsinze n’ibice 28 kw’ijana vy’amajwi.

Amajwi y’umugambwe, La Republique en Marche n’umugambwe bicuditse, MoDem, ufise ibice bine kw’ijana vy’amajwi, azotuma iyo migambwe ukw’ari ibiri itsindira ibibanza birenga 400 mu nama nshingamateka igizwe n’ibibanza 577.

Ivyo ni mu gihe iyo migambwe yovyifatamwo neza kandi mu ncuro ya nyuma y’amatora azoba ku musi w’Imana wimirije.

Ivyavuye mu matora vyerekana ugushigikira bikomeye Perezida Macron.

Yamara ibitigiri vy’abitavye amatora vyari hasi cane ku musi w’Imana. Abagera ku bice mirongo itanu kw’ijana ntibitavye amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG