Uko wahagera

Irani Yiyemeje Gufasha Qatar


Igihugu ca Irani catangaje ko carungitse indege zine zitwara imizigo mu gihugu ca Qatar, inyuma y’aho abasanzwe bashorerayo ibidandazwa vyabo bagabanirije imigenderanire n’ico gihugu, gisanzwe kibeshejweho ahanini n’ibidandanzwa bituruka hanze. Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi w’ishirahamwe ry’indege Iran Air, Shahrokh Noushabadi.

Igihugu ca Turukiya naco nyene caratangaje ko kizobandanya gufasha Qatar mu bijanye n’ibifungurwa, inyuma y’aho Arabiya Sawudite icugariye imihora, mu gihe ari naho Qatar yahora ishorera vyinshi mu bifungurwa.

Ni mu gihe Ibihugu vya Arabiya Sawudite, Emirats Arabes Unis, Barhein na Misiri biheruka guhagarika imigenderanire yavyo na Qatar. Vyagiriza ico gihugu ko gifasha imirwi y’iterabwoba, kandi ko gikorana n’Igihugu ca Irani.

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, nawe nyene yaraneguye bikomeye Igihugu ca Qatar.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG