Uko wahagera

Umuhari wa Prezida Macron Uza Imbere mu Matora y'Abashingamateka


Prezida Emmanuel Macron n'umutambukanyi wiwe mu matora y'abashingamateka
Prezida Emmanuel Macron n'umutambukanyi wiwe mu matora y'abashingamateka

Mu gihugu c’Ubufaransa, mu matora y’abashingamateka yabaye kur’uyu w’Imana, ibiharuro vya mbere vyerekana ko Prezida Emmanuel Macron, afisemwo ibibanza bitari bike.

Gushik’ubu, mu gice ca mbere c’ayo matora, Prezida Macron afise ibice mirongo itatu na bibiri kw’ijana. Ivyo bikazoha umuhari en Marche arongoye kugira intebe ziri hagati y’amajana ane n'anamajana na mirongo ine, ku ntebe amajana atanu na mirongo indwi n'indwi zitegekanijwe mu nama nshingamateka.

Naho bir’uko ayo matora ntiyitabiriwe cane. Ibice mirongo itanu na bibiri kw’ijana vy’abari bitezwe kuja gutora ntibayitabiriye. Bivugwa ko icabitumye ar’uko abanyagihugu bakirushe, inyuma y’amatora aheruka y’Umukuru w’Igihugu, yari yabaye m’ukwezi guheze.

Umugambwe w’aba conservateurs ushobora gutahukana ibibanza biri hagati ya mirongo icenda na bitanu n’ijana na mirongo ibiri na bitanu. Nayo umugambwe w’aba socialistes uza inyuma, ukaba udashikana n’ibice cumi kw’ijana.

Igice ca kabiri c’ayo matora kizoba k’umunsi w’Imana uza. Edouard Philipe, Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa yatey’akamo abanyagihugu ko boyitabira, m’ukuvuga ko ayo matora afise akamaro kanini mu buzima bw’Igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG