Uko wahagera

Abasirikare 3 b'Amerika Barishwe muri Afuganistani


Abasirikare ba Afuganistani bariko barakizura mu gace ka Pandola, mu ntara ya Nangarhar
Abasirikare ba Afuganistani bariko barakizura mu gace ka Pandola, mu ntara ya Nangarhar

Abategetsi bo m’ubuseruko bwa Afuganistani batangaza ko umwe mu basirikare b’ico gihugu yarashe abasirikare ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bari mur’ico gihugu yicamwo batatu akomeretsa uwundi umwe.

Ivyo vyabaye kur'uyu wa gatandatu muri distrikte ya Achin iri mu ntara ya Nangarhar. Umuvugizi w’ubutegetsi mur’iyo ntara, Attaullah Khogyani, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko uwo musirikare nawe yaciye araswa aricwa n’abasirikare b’Amerika.

Umuvugizi w’Abatalibani nawe yatangaje ko uwo mwicanyi ar’umwe mu barwanyi babo bashoboye kwiyoberanya bavogera inteko z’Afuganistani.

Umwe mu badiplomate muri Afughanistani yavuze ko abategetsi bariko baratohoza ko urwo rupfu rw’I Nangarhar hari isano rwoba rufitaniye n’urundi rwabaye imbere y’urwo, aho abapolisi babiri ba reta ya Afuganistani bishwe n’abanyamerika mu ntara ya Helmand.

Ivyo Amerika yavuze ko ryabaye isanganya hagati y’abavukana kandi Amerika ikaba yaciye isaba imbabazi kur’urwo rupfu.

Ibinyamakuru vyo muri Afuganistani bitangaza ko indege z’Amerika ku musi wa gatanu zishe abajejwe umutekano ba Afuganistani bashika umunani zikomeretsa n’abatari bake muri distrike ya Ali. Hari n’ayandi makuru avuga ko abishwe boba bashika kuri 20.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG