Uko wahagera

Mali: Ikiziga Kigira 4 c'Umusirikare wa Minusma Catowe


Inteko za Mali hamwe n'iza Minusma bikoreye ibiziga vy'abasirikare babiri bishwe mu gitero i Kidal
Inteko za Mali hamwe n'iza Minusma bikoreye ibiziga vy'abasirikare babiri bishwe mu gitero i Kidal

Umusirikare agira kane wa Guinee wo mu nteko za ONU za Minusma zagiye kubungabunga amahoro muri Mali yaratowe ikiziga kur’uyu wa gatandatu inyuma y’igitero ku kirindiro c’abo basirikare mu gisagara ca Kidal kiri m’Uburaruko bw’ico gihugu, igitero cakozwe n’umuhari w’iterabwoba ufitaniye ubucuti na Al Qaida k’umusi wa gatanu.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’izo nteko za Minusma zavuze ko abasirikare bakomeretse bashika umunani kandi bahojeje imiryango yabuze, reta ya Guinee n’abanyagihugu bayo.

Tubibutse ko izo nteko zarungitswe muri Mali m’ukwezi kwa ndwi, umwaka wa 2013, kandi ziza ubwa mbere mu nteko za ONU zitakaza abasirikare benshi mu gihe gushik’ubu abarenga 70 bamaze gusiga ubuzima mur'ico gihugu ca Mali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG