Uko wahagera

Muri Basketball, urukino rwahuje Golden State Warriors na Cleveland Cavalier rwarangiye ku ntsinzi ya Cleveland Cavalier, y’amanota ijana na mirongo itatu n'indwi, kw’ijana na cumi n'atandatu ya Warriors.

Urwo rukino rwabereye mu gisagara ca Cleveland rwahaye amahirwe uwo murwi yo kubandanya iryo higanwa rya playoffs.

NBA FINALS
NBA FINALS

Umurwi Warriors usanganywe intsinzi zitatu, ku ntsinzi imwe Cleveland iraye itahukanye. Hategekanijwe inkino indwi mur’ico gice ca playoffs, kugira umurwi uzotahukana igikombe c’inkino za Baketball hano muri Amerika umenyekane.

Urukino rukurikira rukazobera ku kibuga ca Golden State Warriors, k’umunsi wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG