Uko wahagera

Perezida Trump Avuga kw'Iceyi Camuvuyeko


Perezida wa Amerika, Donald Trump
Perezida wa Amerika, Donald Trump

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ku wa gatanu kw’iceyi kumuvuyeko kubera ivyo, Jim Comey yahoze ayoboye ibiro bijejwe gutohoza ivytaha, FBI yabwiye umurwi w’inama nkenguzamateka ujejwe iperereza ku musi wa kane.

Mu majambo yiwe, Perezida Trump avuga ko atigeze akorana n’Uburusiya, canke ngw’aburagize ubutungane.

Ivyo Trump yabishikirije mu kiganiro ciwe ca mbere yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’ikiringo c’indwi zitari nke.

Perezida Trump avuga ko mu vy’ukuri James Comey yemeje vyinshi muvyo wenyene ubwiwe yavuze. Yamara avuga ko bimwe muvyo Comey yavuze atar’ukuri.

Ivyo Perezida Trump yabitangaje ari kumwe na perezida w’igihugu ca Romaniya, Klaus Lohannis inyuma yuko babonanye mu biro vyiwe, Maison Blanche.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG