Uko wahagera

Abasirikare batatu bajejwe gucungera umutekano b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Mali barishwe ejo ku musi wa kane ku muhingamo mu gisagara ca Kidal, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu. Bahitanywe n’igitero c’umurwi w’abarwanyi ukorana n’umurwi al-Qaida mur’ako karere wiyitiriye uno musi ku wa gatanu.

Ibiro vy’ishirahamwe ONU muri Mali vyatangaje kw’ikambi y’inteko z’ishirahamwe ONU zijejwe gucungera umutekano muri Mali zizwi kw’izina rya MINUSMA, mu karere ka Kidal yatewe ejo ku musi wa kane hakoreshejwe rokete na morotiye.

Ibiro vya MINUSMA bimenyesha kw’abakozi bavyo batanu bakomeretse mur’ico gitero.

Ivyo biro bitangaza ko gatoyi inyuma yaho, ikirindiro c’inteko zijejwe gucungera umutekano za ONU catewe hanze y’ikambi yo mu karere ka Kidal. Ivyo biro bimenyesha kw’abasirikare batatu bajejwe gucungera umutekano bishwe, abandi batatu barakomereka.

Urunani rushasha rw’abarwanyi bo mu karere ka Sahel bakorana n’umurwi al-Qaida rwariyitiriye igitero co ku musi wa kane, co kimwe n’ibindi bitero nka vyose vyagizwe muri Mali mu mezi arangiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG