Umugambwe w’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May, Conservative Party watakaje amajwi mu matora y’abashingamateka y’imbere y’igihe yabaye ejo ku musi wa kane.
May yari yatumyeko ayo matora mu ntumbero y’ukurondera gushigikirwa bikomeye imbere y’ibiganiro ku ngingo y’Ubwongereza y’ukuva mu muryango w’ibihugu vya Bulaya.
Umugambwe Conservative Party ntiwashoboye kuronka amajwi akwiye kugira wiganze mu nama nshingamateka.
Ivyavuye mu matora ntivyabaye nkuko May yavyifuza. Yari yatumyeko amatora y’imbere y’igihe mu mwizero ko yari kwongereza inguvu mu nama nshingamateka no mu biganiro vy’ukuva mu muryango w’ibihugu vya Bulaya. Ariko aremerwa ngo atange imihoho.
Mu gihe ibibanza 636 ku bibanza 650 mu nama nshingamateka bimaze gutangazwa, umugambwe uri ku butegetsi, Conservative Party, ufise ibibanza 310 mu gihe umugambwe Labour Party ufise ibibanza 258.
Naho umugambwe Conservative Party wotsinda ibibanza vyose bisigaye, uwo mugambwe ntuzoshobora gushikana ibibanza 326 bikenewe kugira wiganze mu nama nshingamateka.
Imbere y’amatora y’ejo ku musi wa kane, umugambwe Conservative Party wari ufise ibibanza 330 mu gihe umugambwe Labour Party wari ufise ibibanza 229.
Facebook Forum