Uko wahagera

Comey Aremeza ko Yakombowe Kubera Amatohoza Yariko Arakora


James Comey ariko yishura ku bibazo vy'inama nkenguzamateka.
James Comey ariko yishura ku bibazo vy'inama nkenguzamateka.

James Comey, aheruka gukomborwa mu mabanga yo kuyobora ikigo FBI, kijejwe gukora amatohoza ku vyaha, yatangarije imbere y’inama nkenguzamateka, kur’uyu wa kane, ko yibaza ko Prezida Donald Trump yagerageje guhagarika amatohoza yariko arakora kw’ikomborwa ry’umuhanuzi muvy’umutekano. Comey yavuze kandi ko abategetsi bakorera mu biro kwa Prezida babeshe kubijanye n’imvo zatumye ahagarikwa mu mabanga yiwe.

Comey yabwiye abakenguzamateka ko ata nkeka, ko yakombowe bivuye ku matohoza yariko arakora k’uruhara rw’Uburusiya mu matora ya Amerika, yabaye m’umwaka uheze. Avuga kandi ko yanditse ku bijanye n’imibonano yagiranye na Prezida Trump, yamara ko atigeze ayishikiriza umushikiranganji w’Ubutangane, Jeff Sessions, asanzwe ari nawe akuriye ikigo FBI, bivuye ko atariko aremera gukorwako amatohoza ku bijanye n’Uburusiya.

Comey avuga ko inzandiko yanditse yazihaye umwigisha wa Kaminuza y’i New York, ari nawe yahavuye aziha ikinyamakuru New York Times. Ku bijanye n’uko Prezida Trump yoba yarabangamiye ubutungane mu bikorwa vyabwo, Comey yavuze ko ico kibazo cokwishura uwuheruka kugenwa ngw’abe ariwe akora amatohoza k’Uburusiya.

Icaha co kubangamira ubutungane gihanwa n’amategeko, akaba ari naco catumye Richard Nixon, yigeze kuyobora Amerika, atanga imihoho, mu gihumbi kimwe na mirongo indwi na kane.

Prezida Trump ntaco yigeze atangaza mu gihe James Comey yariko arishura ku bibazo vy’inama nkenguzamateka. Yamara umushingwamaza wiwe, Marc Kasowitz akaba yavuze ko Prezida Trump atigeze abuza umuntu n’umwe gukora amatohoza.

Inyuma y’aho, James Comey yaciye aja kubonana n’abakenguzamateka m'umwiherero, mu ntumero yo kwishura ku bibazo yagiye aravuga ko adashobora kwishura kumugaragaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG