Uko wahagera

Abongereza Batoye Abashingamateka


Abongereza bagiye mu matora y’abashingamateka kur'uyu wa kane. Ayo matora yatumweko n’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May mu kwezi kwa kane igihe yariko arondera gukomeza ugushigikirwa kwiwe imbere y’ibiganiro ku vyerekeye ingingo y’Ubwongereza y’ukuva mu muryango w’ibihugu vya Bulaya.

Vyitezwe kw’ivyavuye mu matora y’ibibanza 650 mu nama nshingamateka bimenyekana mu gitondo c’ejo ku musi wa gatanu.

Igihe Theresa May yatumako amatora, umugambwe wiwe, Conservative Party warusha iyindi migambwe amajwi makeyi mu nama nshingamateka.

Ikibazo cerekeye umutekano nico cashimikiweko cane mu ndwi z’imbere y’amatora y’uno musi ku wa kane. Ivyo inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyo mu bisagara vya Londres na Manchester vyahitanye abantu mirongo itatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG