Uko wahagera

Abashika 11 Barishwe na Boko Haram muri Nijeriya


Abarwanyi ba Boko Haram
Abarwanyi ba Boko Haram

Igipolisi ca Nijeriya catangaje ko abantu cumi n’umwe bishwe n’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram mu gitero cabereye mu gisagara ca Maiduguri, m’uburengero bushira ubuseruko bwa Nijeriya kur’uyu wa gatatu.

Ico gitero cabereye k’umurwa mukuru wa reta Borno kibaye mu gihe umukuru w’igihugu ca Nijeriya w’imfatakibanza, Yemi Osinbajo yari yategekanije kur’uyu wa kane gutanguza umugambi wo gufasha abatishoboye mur’ako karere.

Ababonye igihe ico gitero caba, bavuga ko abo barwanyi batanguye gutera ikambi ya gisirikare y’I Aridawari, mu micungararo ya Maiduguri, mu masaha ya sa kumi n’imwe z’umuhingamo.

M’ukwezi guheze, umwe mu barwanyi batanu ba Boko Haram yarekuwe ar’uko uwo muhari nawo urekuye abakobwa 82 bo kw’ishure rya Chibok, yari yaragabishije ko bagiye kugaba igitero gikomeye I Maiduguri mu masanamu ya videwo yerekenwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG