Uko wahagera

Amerika Iriko Irasubiramwo Ibihano kuri Irani


Inama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatey’intambwe kw’itegeko ryerekeye ibihano bishasha bigenewe Igihugu ca Irani, kur’uyu wa gatatu.

Iyo nteguro y’iryo tegeko itegekanya ibihano bitegerezwa guhabwa abantu bafise uruhara mw’ihingurwa ry’ibirwanisho vya misile balistike, bikorwa na Irani, hamwe n’abo bose bakorana mu bikorwa vyabo. Ivyo bihano bikazofatirwa kandi igihugu ca Irani ku bijanye no kwinjiza ibirwanisho mur’ico gihugu.

Bernie Sanders, umwe mu bakenguzamateka batemera iyo nteguro y’itegeko, avuga ko iki atarico gihe co gufatira ibihano mwen’ivyo abanyagihugu ba Irani, mu gihe bari mu kigandaro c’abahitanywe n’ibitero vy’abiyahuzi.

Prezida Donald Trump yaraneguye akatari gake amasezerano yega Igihugu ca Irani. Hambavu y’ibihano kuri Irani, abakenguzamateka bavuga ko bategekanya urwandiko rufatira ibihano Igihugu c’Ubrusiya ku bijanye n’uko civanze mu matora ya Amerika, m’umwaka uheze, hamwe n’uruhara rwaco mu ntambara yo muri Siriya, no muri Ukraine.

Kugira iryo tegeko ryemerwe rikazobanza kwemerwa n’inama nshingamateka, ryongere ritegweko igikumu na Prezida Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG