Uko wahagera

Igitero cya ISIS Cahitanye Umuntu Umwe muri Irani


Igitero c'abiyahuzi i Tehran muri Irani

Reta ya Kiyisilamu yatangaje kw’ariyo yagize ibitero uno musi ku wa gatatu mu gihugu ca Irani. Ivyo bitero vyagizwe ku nyubakwa y’inama nshingamateka n’ikibanza cashinguwemwo Ayatollah Ruhollah Khomeini, yahoze ari umutegetsi kizigenza wa Irani.

Reta ya Kiyislamu yabitangarije mw’itororokanirizo ry’amakuru ryayo, Amaq amasaha makeyi inyuma yuko ivyo bitero bitanguye.

Amakuru ava muri Irani amenyesha kw’abantu batatu bitwaje ibirwanisho n’umwiyahuzi yari afise bombe bateye ikibanza gishinguwemwo, Ayatollah Ruhollah Khomeini, bica umuntu umwe, abandi batari bake barakomereka. Amakuru atangazwa avuga kw’igipolisi cahagaritse umwe mu bagize igitero, cica uwundi umwe.

Umwe mu bagizwe igitero mu nyubakwa y’inama nshingamateka, yariturikije na bombe ari imbere muri iyo nyubakwa. Ico gitero carimwo kandi abandi bantu batatu bitwaje ibirwanisho. Itangazamakuru muri Irani rimenyesha kw’umwe mu bacugenra inyuibakwa y’inama nshingamateka yishwe mu gihe abandi bantu batari bake bakomeretse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG