Uko wahagera

Trump Yatoranije Uzayobora Biro ya FBI


Christopher Wray, watoranijwe kuzayobora FBI
Christopher Wray, watoranijwe kuzayobora FBI

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yashize ubutumwa ku rubuga Twitter, uno musi ku wa gatatu, ko agiye kugena Christopher Wray gusubirira James Comey mu mabanga y’umuyobozi w’ibiro bijejwe gutohoza ivyaha, FBI. Uwo yahoze ari umushikirizamanza ku rwego rw’igihugu

Ivyo bibaye umusi umwe imbere yuko Comey Perezida Trump yirukanye mu kwezi guheze, yishura ibibazo umurwi w’inama nkenguzamateka ujejwe iperereza.

Vyitezwe ko Comey abazwa ku twigoro twa Perezida Trump tw’ukumutuma ahagarika itohoza ku vyuko nimba harabaye ugukorana hagati y’abari bajejwe igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza n’abategetsi b’Uburusiya.

Christopher Wray yigeze kuyobora igisata c’ubushikiranganji bujejwe ubutungane kijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi hagati y’umwaka w’i 2003 n’umwaka w’i 2005, kuri Reta ya Perezida George W. Bush.

Muri iki gihe aburanira abagirizwa ko bazoke ivyaha. Akora kandi mu biro vy’abashingwamanza vyitwa King & Spalding.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG