Uko wahagera

Uburayi Bwifatikanije n'Ubwongereza m'Ukugwanya Iterabwoba


Theresa May, Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, mu nama y'Ishirahamwe ry'Ibihugu vya Buraya.
Theresa May, Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, mu nama y'Ishirahamwe ry'Ibihugu vya Buraya.

Ibihugu vya Buraya vyatangaje ko vyifatikanije n’Igihugu c’Ubwongereza, m’ukugwanya iterabwoba. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’inama y’Ibihugu vya Buraya, Donald Tusk, inyuma y’ibitero vyabaye k’umunsi wa gatandatu.

Ni mu gihe imigenderanire y’Ubuwongereza n’ibindi bihugu vya Buraya ishobora guhinduka, bivuye ko Ubwongereza buriko burava mur’iryo shirahamwe.

Andrew Duff, yahoze ar’umushingamateka mw’ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya, avuga ko ibitero biherutse gukorwa m’Ubwongereza, bizokwisungwa cane mu bijanye n’umutekano, mu biganiro bizoba k’ugusohoka kw’Ubwongereza mur’iryo shirahamwe.

Abahinga muvy’umutekano, mu gihugu c’Ubwongereza baragabishije ku kamaro k’imigenderanire muvy’umutekano. Yamara mur’ivyo biganiro, nta bibazo bijanye n’umutekano bizokwihwezwa, bivuye ko Ishirahamwe rya Buraya ryipfuza kubanza kwiga ku bibazo vy’uburenganzira bw’abanyagihugu, hamwe n’ivy’amafaranga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG