Uko wahagera

Prezida Trump Arashima Ingingo y'Ibihugu vy'Abarabu


Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje kur’uyu wa kabiri, kubijanye n’ibihugu vyo mu karere k’abarabu, biriko biritandukanya n’ibindi biregwa kuba bishigikiye iterabwoba.

Prezida Trump avuga ko yashimye urugendo aheruka gukora mu gihugu ca Arabiya Sawudite, aho yagiranye umubonano n’abarongozi b’ibihugu vy’aba isilamu bashika kuri mirongo itanu.

M’ubutumwa yacishije k’urubuga rwa Twitter, Prezida Trump yatangaje ko mur’iyo nama abo barongozi biyemeje ko bagiye guhasha iterabwoba babicishije mu mafaranga.

Kubwa Prezida Trump, ngw’iyo ntambwe ishobora kuba ar’intango yo gutuza iterabwoba.

Ni mu gihe Igihugu ca Qatar, giherutse gusohoregwa ibihano vy’ubutunzi n’Ibihugu vy’abarabu, kivuga ko carenganijwe, kandi ko izo mpari zavutse zitagira aho zifatiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG