Uko wahagera

Adnan Khashoggi Yitavye Imana


 Adnan Khashoggi
Adnan Khashoggi

Adnan Khashoggi, umunya Arabiya Saudite yagurisha ibirwanisho, yitavye Imana afise imyaka mirongo umunani n’umwe.

Umuryango wiwe uvuga ko yar’afise indwara ya Parkinson.

Khashoggi yavurwa kw’ariwe muntu yari atunze cane kurusha abandi kw’isi mu myaka y’i 1970, igihe yavurwa ko yar’afise imiliyaridi zine z’amadolari ico gihe.

Yaronse ayo mafranga mu gufasha mu masezerano yerekeye kugirisha ibirwanisho kw’isi.

Yar’azwi kandi ku kugene yabahaho neza cane kandi yakunda kuba ari kumwe n’abantu batunze cane n’abantu rurangiranwa bava mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Umwishwa wiwe, Dodi Fayed yakundana n’umuganwakazi wo mu Bwongereza, Diana imbere yuko impanuka y’imodoka ibahitana bompi mu mwaka w’i 1997.

Umuryango wa Khashoggi wabwiye itangazamakuru ko yapfuye mu mahoro inyuma yuko amaze imisi yiwe ya nyuma akikujwe n’umuryango wiwe. Asize umupfasoni wiwe yitwa Lamia.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG