Uko wahagera

Umutegetsi mukuru w’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe agateka ka muntu, Zeid Ra’ad Al Hussein yatangaje uno musi ku wa kabiri kw’arindiye mu kiringo c’imisi biri yimirije, ukwiyemeza kwa Republiika iharanira demokrasi ya Kongo ku vyerekeye amatohoza ku bwicanyi bubera mu ntara ya Kasai. Yagabishije ko hashobora kuba itohoza ry’amakungu.

Zeid yasavye, kuva mu kwezi kwa gatatu, ishirwaho ry’umurwi ujejwe itohozae w’urwego rwa ONU ujejwe agateka ka muntu ku bwicanyi n’uruhagarara muri Kongo inyuma yuko ibinogo bihambwamwo abantu benshi botowe.

Zeid ariko aremera Reta ya Kongo mu gihe amashirahamwe ategamiye Reta yasavye mu ndwi iheze itohoza mpuzamakungu ku bwicanyi bwakozwe kauva mu kwezi kw’icenda mu ntara ya Kasai, igice co hagati muri gihugu.

Vyongeye Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye, ejo ku musi wa mbere, ONU gushiraho umurwi ujejwe itohoza kw’igandagurwa ry’abahinga babiri b'iryo shirahamwe mu kwezi kwa gatatu bariko barondera kwerekana ivyemezo ku binogo vyahambwemwo abantu benshi muri Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG