Ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwahagaritse Reality Leigh Winner, umukozi wa Reta buvuga ko yarungikiye amakuru y’ibanga ikinyamakuru gikorera kuri internet, The Intercept.
Ivyo vyatangajwe ejo ku musi wa mbere igihe ikinyamakuru, The Intercept catangaza kw’urwandiko rw’ibanga caronse rwerekana kw’inzego z’iperereza z’igisirikare c’Uburusiya zagerageje kwiba amabanga yerekeye uburyo abantu biyandikisha ku vyerekeye amatora muri Amerika. Hari imbere y’amatora yo mu mwaka uheze.
Reality Leigh Winner yaremeye ko yasohoye urwandiko rw’ibanga arurungikira ikinyamakuru, The Intercept akoresheje ubuhinga bwa email.
Winner avugwa ko yandikiranirana n’ikinyamakuru, The Intercept, hakoreshejwe ubuhinga bwa email.
Facebook Forum