Uko wahagera

Prezida Trump Aremanga ko Atazobangamira Amatohoza


James Comey, yahoze ar'umuyobozi w'ikigo FBI, kijejwe gukora amatohoza ku vyaha, muri Amerika.
James Comey, yahoze ar'umuyobozi w'ikigo FBI, kijejwe gukora amatohoza ku vyaha, muri Amerika.

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yatangaje kur’uyu wa mbere ko atazotangira James Comey aheruka gukomborwa mu mabanga yo kuyobora ikigo FBI, kijejwe gutohoza ku vyaha, ah’azoba yaramutse aja kwiregura imbere y’inama nshingamateka, ku bijanye n’ibiganiro vyabaye hagati y’Uburusiya n’umurwi war’ujejwe gutunganya imyiyamamazo yiwe.

Ni mu gihe bivugwa ko Prezida Trump yategekanya gutumako Comey mu biro vyiwe, mu ntumbero yo kumubuza kugira icavuze kur’ivyo birego, ah’azoba yaramutse yitaba umugwi w’inama nkenguzamteka ujejwe amatohoza, mu mpera z’iyi ndwi.

Sarah Huckabee Sanders, umuvugizi mu biro kwa Prezida, yatangaje ko mu ntumbero yo kworohereza amatohoza kur’ivyo birego, Prezida Trump atazobuza Comey gushikiriza ivyazi.

Kubwa Prezida Trump, ngo ibirego vy’uko Uburusiya bwivanze mu matora y’Umukuru w’Igihugu ca Amerika, m’umwaka uheze, ngo n’icitwazo c’aba demokrate, batemera ko umukandida wabo Hillary Clinton yatsinzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG