Umukinyi w’amasinema akongera kuba yagize umwuga gutweza abantu, Bill Cosby yaraserutse imbere y’intahe ku musi wa mbere mu gisagara ca Philadelphia, ku vyagirizo vyuko yahaye ibinini bizimiza ubwenge ayingera afata ku nguvu umupfasoni yitwa, Andera Constand haheze imyaka irenga cumi.
Bill Cosby, afise imyaka mirongo irindwi n’icenda muri iki gihe, yagirizwa ubwoko butatu vy’ivyaha bishobora gutuma acirwa umunyororo w’imyaka cumi na amande y’ibihumbi mirongo ibiri na bitanu vy’amnadolari.
Cosby yicaye n’agacerere muri sentare yo mu gisagara ca Philadelphia, igihe abashingwamanza burugura urubanza rwiwe mu kuvuga kw’ari umuntu ashurashuza abapfasoni ku nguvu. Batangaza ko yakoresheje igihagararo n’ububasha bwiwe mu gufata ku nguvu umupfasoni Andera Constand mu mwaka w’i 2004.
Yamara Cosby avuga kw’atacaha yakoze, kw’imibonano mpuzabitsinda yagiranye n’umupfasoni Constand bari bavyumvikanyeko.
Facebook Forum