Uko wahagera

Igipolisi c'Ubwongereza Cyafashe Abantu 11 mw'Itohoza


Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza, Theresa May yatangaje uno musi ku wa mbere kw’igipolisi kizi abantu batatu bishe abantu indwi, bakomeretsa abandi barenga 35 ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije mu gisagara ca Londres.

May avuga kw’amazina yabo azotangazwa igihe intambwe mw’itohoza zizobirekurira, kandi ko abantu 11 bamaze gufatwa.

May avuga kw’igipolisi kandi kiriko gikora kugira kimenye amazina y’abantu bose bapfuye n’abakomeretse.

Gushik’ubu bizwi kw’abo bantu bagizwe n’abantu bava mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May avuga kw’igitero co ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye atar’igitero cagizwe ku gisagara ca Londres, no ku Bwongereza gusa, kw’ar’igitero cagizwe ku bantu bose barangwa n’ubwigenge.

Umukuru w’igisagara ca Londres, Sadik Khan yashimiye igipolisi c’i Londres ku kwitanga kwaco mu mugambi w’ugukingira abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG