Uko wahagera

Ibihugu by'Abarabu Byacanye Umubano na Qatar


Arabiya Sawudite, Misiri, Bahrain, Emirats Arabes Uni, Yemen na Maldives vyahagaritse uno musi ku wa mbere imigenderanire na Qatar. Ivyo bihugu vyagiriza Qatar kw’ishigikiye iterabwoba.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Qatar bumenyesha kw’iyo ngingo itagira insiguro, kandi kw’ifatiye ku vyagirizo bitagira ishingiro.

Ivyo bihugu vyatangaje ko bizakura ababiserukira muri Qatar, vyongere bihagarike uruja n’uruza mu kirere no mu mazi n’ico gihugu.

Ishirahamwe ry’indege zitwara abantu ryo muri Qatar, Qatar Airways ryatangaje ko rihagaritse indege zaryo kuja muri Arabia Sawudite.

Arabia Saudite iyoboye urunani rw’igihugu biriko birwanya abarondera gutembagaza reta ya Yemen, yatangaje kw’inteko za Qatar zizovanwa mur’uwo runani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG