Uko wahagera

Misiri na Qatar Vyavavanuye


Isanamu y'umukuru w'igihugu ca Misiri, Abdel Fattah al-Sissi
Isanamu y'umukuru w'igihugu ca Misiri, Abdel Fattah al-Sissi

Misiri catangaje kur’uyu wa mbere ko gihagaritse imigenderanire mu vya kidipolomasiya na Qatar, icagiriza gushigikira iterabwoba.

Misiri na Qatar vyari bimaze igihe bitumvikana kuva aho igisirikare ca Misiri gikuriye k’ubutegetsi perezida w’umuyisilamu Mohamed Morsi m’umwaka wa 2013.

Qatar cari mu bihugu vyari bishigikiye Morsi kandi caragaragaje ko kitashigikiye itembagazwa ry’ubutegetsi bwiwe ryakozwe na Abdel Fattah al-Sissi asanzwe arongoye Misiri.

Misiri cagiriza Qatar gushigikira ivyiyumviro vya Al-Qaïda n’umuhari w’iterabwoba wa Reta ya kiyisilamu no gushigikira ibitero vy’iterabwoba bikorerwa mu gace ka Sinaï".

Mw’itangazo ryashizwe ahabona na Misiri rivuga ko Qatar civanga muri politike ya Misiri kandi gihaye indaro abakurikiranwa n’ubutungane bagirizwa iterabwoba muri Misiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG